Thursday, April 24, 2014

Ibyerekeye inka muri rusange z'Imurenge



Ibyerekeye inka muri rusange

Ubukombe: N’impfizi imaze gukura.
Ipfupfu: N'urugingo rw'inka cangwa impfizi ruba hejuru y'amaboko kandi rusongoye. Ku mpfizi urwo rugingo ruza ruba rurerure cane kandi rusongoye; iyo itambuka rugenda rwishaganya.
Icena: N'urugingo rw'inka ruba ahantu hitse ku mugongo wayo; ruza rwerekana ko iyo nka ishonje cangwa ihaze.
Imbeshi: N'amagupfwa y'inka aza abonekera imbere mu ruhu, aho amaboko yayo ahekera mu bitugu byayo.
Akabishabakamyi: N’urugingo rw’inka rworoshe cane ruri hagati y’inda yayo n’ukuguru.
Gushabira: N’ukuntu inka yiruka irengeje umurizo kandi ifite umuvuduko mwinshi cane. Gushahira: N’igihe inka itera umuntu, inyana yayo cangwa ikintu ico arico cose umugeri. 
Igisomero c’amata: N’ikimenyetso c’uko umuntu yanyoye amata; kiboneka ku kanwa ke iyo yamaze kuyanywa ntiyihanagure.
Inkoni: N’agati umwugeri akoresha mu gushorera cangwa mu kuragira inka, cangwa mu kuzikubita kugira ngo zigende.
Guserutsa inkoni: N’igihe inka iriko ibyara, inyana yayo imaze guserutsa umutwe n’amaboko.
Kuziga inka: N’ukuyihambira amaboko mu gihe umwungeri agiye kuyiha umuti.
Ubusenzi: N’ubgoya burebure buheka ku murizo w’inka.
Icumu: N’igiti kiriho icuma gityaye hejuru umwungeri yitwaza aragiye inka kugira ngo azirinde mu gihe hagize ikizibangamira.
Umuhoro: N’icuma kigondamye ariko gityaye umwungeri yitwaza mu gutema imizi ifata inka (iki cuma gikoreshwa mu kubaka).
Inkwebo: N’igiti kiriho icuma gisongoye munsi umwungeri yitwaza cangwa akoresha mu kurwanira inka ze.
Ikiraro: N’ahantu kure y’amazu abungeri bajana inka zabo kugira ngo zibone ibyatsi byinshi; bazitwara mu ci iyo ubgatsi bgashize mu mihana.
Igikubo: N’uruhu rw’inka rwumye umwungeri aryamaho iyo ari mu kiraro.
Icarire: N’ibyatsi umwungeri asasira inyana zigashuhirwa.
Umubirikira: N'ikintu gifite umuraka abagore bakoresha mugusuka amata mugisabo.
Kwinikiza: N’ukurekurira inyana kuri nyina mu gihe umuntu agiye gukama.
Gukama: N’ugukwega amaberi y’inka uyashira munkongoro.
Gutinda: N’ugushira ibyatsi byinshi cangwa ibiti hejuru y’umusayo kugira ngo inka zibone aho zinyura cangwa se byorohereze izo nka kunyura kuri uwo musayo.
Iteme: N’ibiti cangwa ibyatsi byinshi umwungeri ashira hejuru y’umusayo kugira ngo byorohereze inka kunyura hejuru yawo.
Umusayo: N’ibyondo birebire kandi byirabura inka cangwa ikindi kintu gishobora gutibukiramo kigapfa.
Insobeko: N’umugozi uboheranyije ukoreshwa mu guhambira amaguru y’inka mu gihe umwungeri agiye kuyikama kugira ngo ayikama itamuteye.
Gusobeka (abagore batsinda babyita “Kujisha”): N’uguhambira amaguru y’inka mu gihe ugiye gukama kugira ngo itagutera umugeri.
Gutera: N’umugeri inka itera umwungeri cangwa inyana yayo.
Kuvunza: N’inka ikamwa ariko imaze iminsi itonsa.
Umuhembezo: N’igiti kigufi batambika inyuma y’ibikingizo bakingisha iruri ry’inyana cangwa ry’ibitungwa kugira ngo bidasohoka hanze.
Ibikingizo: N’ibiti bihagaze bashira mu muryango w’akaruri k’inyana kugira ngo zidasohoka.
Akaruri (iruri): N’inzu nto cangwa nini bakingiramo inyana kugira ngo bazirinde imbeho, imvura cangwa izuba, ariko kandi bazikingira kugira ngo bizabaheshe gukama amata mu gihe ziba zidaherukana na za nyina
Umugera: N’icuma gisongoye umwungeri akoresha mukotsa inka yavunitse.
Kuvuruga: N’ukunyuza igiti mu mata y’ikivuguto kiba cafatanye mu gihe umuntu agiye kuyanywa.
Kuvuruganya: N’ugukamisha inka amaboko yombi ufatishije inkongoro amavi yombi.
Kurindira: N’ugukama inka ubugira kabiri.
Ubusha: N’umwobo inka zigwamo zigapfa.
Igikono: N’umwobo urimo amazi inka zigwamo zigapfa.
Imanga: N’ahantu hacurika cane inka zitemba zigapfa cangwa zikavunika.
Igihitasi: N’ahantu amazi y’uruzi yinjira munsi y’amabuye inka zinjiramo zikarigitiramo ntizongere kuboneka.
Umwite: N’uruhu rwumye, ariko cane cane uwo mwite uvugwa ruba ari uruhu rw’inka.
Kuragira: N’ukujana inka ahantu zishobora kubona ubgatsi bgo kurisha. Baragira ku manywa haba ni mugoroba bakazigarura imuhira cangwa ku kiraro gukama.
Guhindura: N’ugucura inka mu gihe c’umugoroba, zitaha kuko buba bgije.
Kuragiza: N’ukujana inka ku wundi muntu kugira ngo ihabe kandi ihabonere urwuri.
Gutiza: N’uguha umuntu inka yawe akaba ayikama kubera ko adafite amata, nyuma ikazagaruka iwawe.
Kuvumera: N’ukuntu inka isohora ijwi igaragaza ko yishimiye inyana yayo cangwa shebuja. 
Kugongera: N’ukuntu inka isohora ijwi mu gihe ibabaye.
Kuvuza mu zuru: N’ukuntu inka isohora ijwi rwo muzuru ryayo mu gihe igiye kwica cangwa gucumita umuntu cangwa ikintu. Iyo nka iba isanganywe iyo ngeso yo kwica.
Guhurumba: N’ukuntu inka zabira cane zigaragaza ko zikeneye kurya umunyu. Zihurumba mu gihe zibonye shebuja, cane cane iyo agize iminsi ataziha umunyu.
Imbazo: N’icuma abungeri bakoresha mu kubaza umuvuri inka ziriraho umunyu.
Umuvuri: N’igiti kibaje inka ziriramo umunyu.
Ikirimyo: N’icuma abungeri bakoresha mu kubaza inkongoro.
Kugisha: N'ukujana inka mu kiraro ca hafi y'imuhira ahari ubgatsi.
Gukuza amezi: N’igihe inka itangira kuboneka ko ari nini munda mu gihe ifite amezi.
Amezi: N’igihe inka ifite inyana cangwa ikimasa mu nda yayo; (Ku bantu baravuga ngo umuntu afite inda).
Kweya: N’igihe inka itangiye kubonetsa icebe kubera ko ifite amezi.
Icebe: N’ahantu ameri y’inka aba afashe; icebe niryo bibamo amata. 
Guhaka: N’igihe inka igaragaza icebe ryayo mu gihe igiye kuzabyara vuba.
Gushama: N’ukuntu inka cangwa impfizi zihengamisha umutwe zigatega amahembe zigiye kurwana. Inka cangwa impfizi yunamisha umutwe iyo ishama.
Inka y’iriza: N’inka ibyaye ubga mbere.
Inka y’impete: N’inka ibyaye ubga kabiri
Inka y’ibuguma: N’inka ishaje.
Inka y’igicura: N’inka ibyibushe cangwa itabyibushe kandi ishobora kuba ifite amezi cangwa se itayafite.
Inka y’impogazi: N’inka idakamwa; ishobora kwibera no mu gasozi gusa.
Inka y’inkamwa: N’inka ikamwa kandi ishobora kuba yonsa inyana cangwa ikimasa cayo cangwa ikaba yaratsindiriweho indi.
Gutsindira: N’igihe bahatira inka inyana itari iyayo mu gihe iba yapfushije iyayo. Ibi babikora iyo bakeneye kuzoza bayikama.
Inka y'imbyeyi: N'inka ikibyara vuba cangwa se igifite inyana cangwa ikimasa gitoya c'umutavu.
Umutavu: N’inyana cangwa ikimasa kikivuka vuba, idashobora konka amata menshi kugira ngo itarwara ikibagarira.
Inka y’isuri: N’inka yapfushije iyayo ariko bagakomeza kuyikama bakoresheje uruhu rw’inyana yayo. Birashoboka kandi ko bayikama badakoresheje rwa ruhu.
Gukorangiza: N’igihe umwungeri abanza gukorakora ku maberi y’inka mbere yo kuyikama.
Inka y’izimyi: N’inka ihora yima vuba
Inka y’igihama: N’inka itagira amata menshi. Hariho n’igihe inyana yayo ishobora gupfa kubera ko yabuze ico yonka.
Inka y’umusunga cangwa ikamwa amata makuru: N’inka igeze igihe co gucutsa iyayo. Inyinshi zigeza ico gihe zikamwa amata make ariko aryoshe cane.
Inka y’igisangu: N’inka itagira amaberi, aba yasibye kubera impamvu nyanaka.
Inyana y’icota: N’inyana yonka ariko ikiri ntoya cane, ishobora kurindwa imbeho, imvura cangwa izuba, bakayicura imuhira iyo izuba rimaze kuva ari ryinshi. Ubundi kandi iyo nyana ntishobora konka amata menshi kugira ngo itarwara indwara y’ikibagarira.
Inyana y’umukurira: N’inyana yonka ariko imaze gukura, ku buryo ishobora kwiriranwa na nyina mu gasozi.
Inyana y’incuke: N’inyana itaconka nyina.
Inyana y’inkangara: N’inyana itambutse ubucuke.
Inyana y’ishashi: N’inyana imaze kuba nkuru, ishobora kwima.
Inkaranobe: N’utwara tw’inka duto cane, tudakomeye kandi twihishe hejuru inyuma y’ikinono c’inka. Buri kuguru cangwa ukuboko kw’inka kugira inkaranobe zibiri.
Ikibgana: N’impizi ngufi bikabije.
Umukondo: N’urugingo rurereta ruba munsi y’inka, hagati y’amaguru n’amaboko.
Impenda: N’umubare munini w’inka umuntu aba afite cangwa yarazwe n’ababyeyi be.
Ikibugu: N’ubgoko bg’isazi nini zirya inka cane mu gihe c’amanywa. Ico kibugu gituruka hejuru y’uruhu rw’inka hanyuma kikonka amaraso yayo.
Ikibuga: N’ahantu inka ziryama iyo zitashe.
Gushora: N’ukujana inka cangwa ibitungwa mu ruzi mu gihe c’amanywa aho zinywera amazi. Iri jambo rikoreshwa cane ku nka.
Kuguga: N’igihe inyana ikiri ntoya yiga kurisha, hanyuma ikaza igerageza gushikuza ibyatsi amenyo.
Guhengekerereza: N'igihe ubgatsi ari buke, noneho umwungeri akaza ajana inka zishonje kuruta izindi ahari utwatsi twinshi kugira ngo arebe ko zihaga. 
Inguge: N’aho umurizo w’inka umerera.
Urwakanakana: N’urugingo rurereta munsi y’akananwa k’inka kandi ruyihesha kurimba.
Imyogesho: N’ibyatsi umuntu azingazinga akabikoresha mukoza inkongoro.
Gusuhura: N’ukujana inka ahantu kure aho zija kurisha ubgatsi kugira ngo zibyibuhe. Akenshi abantu basuhura inka igihe co mu ci kandi bakamarayo amezi menshi cangwa imyaka.
Gusuhuruka: N’ugutaha imuhira uvuye mu kiraro cangwa mu masuhuriro.
Gukumira: N’ukuguma imuhira mu gihe co mu ci, izindi nka zasuhuye. Umuntu cangwa inka birakumira.
Gukamira: N’ugukama inka ukamara amata yose mw’icebe inyana yayo ikabura ico yonka, hanyuma ikazicwa n’inzara.
Icambu: N’ahantu hagutse mu ruzi aho inka zambukira cangwa zinywera amazi.
Imikuri: N’ibimenyetso byerekana aho inka yakubiswe inkoni cane.
Gukuka: N’ugukuraho amase y’inka cangwa amahurungure y’ihene cangwa y’intama mu rugo cangwa mw’iruri.
Gukuka: N’inka zigenda ziva mu cambu mu gihe zimaze gushoka.
Umuraru: N’inyuma y’inka, hagati y’amatako yombi munsi y’umurizo.
Ibimane: N’amaberi afatanye ariko afite imoko zibiri.
Imoko: Ni ku mutwe w’iberi aho amata asohokera.
Urushunzi: N’igihe umwungeri cangwa umukamyi akama inka amata akava mw’iberi.
Inkoro: N’urugingo ruri hagati y’amaboko y’inka.
Kona: N’igihe inka yijanye yonyine kurisha imyaka (umufano: ibigori) y’abandi ibitewe n’ingeso yayo mbi.
Konesha: N’igihe nyiri nka ayijanye cangwa ayiyoboye kugira ngo ije kurisha imyaka y’abandi.
Umusare: N’igikomeri kiboneka ku ruhu rw’impfizi gitewe n’uko iyindi yayicumise.
Umuganzanyo: N’igikomeri giterwa n’uko impfizi yacumise indi iyerekejeyo igihe iyihunze zariko zirwana.
Nyamukuka: N’igihe inka cangwa impfizi yacumise indi hanyuma inyama z’imbere mu ruhu zigacika ariko uruhu rugasigara ari ruzima, noneho hariya hantu hakaboneka umwobo kandi hagahobagana.
Igisabo: N’igicondo kiboneka mu nda y’inka ariko ntikiyibabaze.
Igisabo: N’igikoresho bacundiramo amata kugira ngo babone amavuta.
Inkongoro: N’igiti kibazwa mu buryo bgihariye hanyuma kigakamirwamo cangwa kikabikwamo amata.
Inzaza: N’imisitari iboneka ku nkongoro itewe n’amata mu gihe bariko bakama.
Umubabo: N’umusitari uba ku nkongoro ahaja hejuru, bitewe n’umurimbo bayishiraho.
Icansi: N’inkongoro nini.
Akadete: N’inkongoro ntoya.
Igicengu: N’inkongoro iciyemo cangwa se ifite umunwa munini cane.
Gucunda: N’ugushira amata y’ikivuguto mu gisabo hanyuma bagakuramo amavuta.
Icwende: N’amavuta akomoka ku mata y’inka; ayo mavuta aba yarabitswe igihe kirekire.
Umutozo: N’igiti kimeze nk’umwoko abagore bakoresha mukwavura amavuta bamaze gucunda.
Indumiro: N’amahembe y’inka yakuwe ariko agakomeza kwerekana urukuriro kandi yakize kera.
Kuruma: N’ubu umutemeri w’inkongoro ufata cane ku nkongoro ntupfunduke vuba.
Intenderi: N’inka ifite amahembe akomeye kandi acuramye.
Intenderi y’uturegeya: N’inka ifite uduhembe duto cane kandi tunagana, ugira ngo turatibuka hasi.
Ibigaraba: N’inka irambitse amahembe manini kandi maremare.
Kugonesha: N’igihe inka yabyaye ikabura amata yo konsa iyayo. Iri jambo rikoreshwa no ku bantu.

0 comments:

amamaza

amamaza

Menya Umuziki wacu

VIDEOS